Rose-Croix.org

  • Home
  • Présentation
  • Devenir membre
  • Enseignement
  • Philosophie
  • Histoire
  • Agenda
  • Textes
    • Revues
  • Vidéos
    • Podcasts
  • URCI
  • Autres sites
  • Espace membres

Présentation de l’A.M.O.R.C. en Kirundi

Classé sous :Présentation en diverses langues -

ailes

Umuryango wa Kera w’Amabanga y’Iroza n’Umusaraba, Um-KerA-Ma-RozaUm,  mu ncamake. Insiguro itomoye.

(« Ancien et Mystique Ordre de la Rose-Croix, AMORC », mu Gifaransa).

 

Umuryango wa Kera w’Amabanga y’Iroza n’Umusaraba, Um-KerA-ma-RozaUm.           Mu bitabo bimwe bimwe bawita Umuryango w’Iroza n’Umusaraba, AMORC.                Abumva ikirundi, bavuga uyo Muryango, benshi cane bawuvuga batawuzi. Bavuga ngo : « Aba Roze-Krwa »…

Ikimenyetso

Umusaraba ubengerana w’inzahabu, hagati na hagati hari ishurwe ry’Iroza ritukura. Umusaraba ni ikimenyetso c’umutumba w’umuntu. Iroza, ni ikimenyetso c’Umutima w’Ubwenge w’umuntu uguma witora igihe cose, uba intore.

Akaranga:

Umuhari ukwiye isi yose, uharanira Ubuntu n’Ubumenyi. Utanga urwinjizo n’intangamarara (kwatira) mu Mabanga. Uharanira kandi,  n’Akaranga k’Ibanga ry’Iroza n’Umusaraba. Ukwiye isi yose. Si idini. Ntiwisuka na rimwe mu vyerekeye politike. Ugizwe n’abagabo n’abakenyezi atagucagura amoko, amadini, ico bari canke ico bakora.

Icivugo

« Kwihangana cane rwose, mu bwigenge nta ngere ».

Intumbero

Gutanga inyigisho z’Ubuntu n’Ubumenyi, indanga z’ab’Iroza-n’Umusaraba bagiye bahanahana uko ibinjana vyagiye bibisikanya. Izo nyigisho zerekeye ivyo umuntu yomenya ku vyerekeye Ijuru n’Isi, n’ivyerekeye Ikiremwa-muntu. (Ayo ni yo « Mabanga y’Iroza n’Umusaraba »).

Igitigiri c’abagize Umuryango:

Ni hafi ibihumbi amajana abiri na mirongo itanu (250 000), kw’Isi yose.

Amamuko yisunze Iragi:

Akaranga k’Ibanga ry’Iroza n’Umusaraba, kamuka mu Masomero y’Amabanga yo muri Misri ya Kera. Hari ku kiringo ca 18 c’urukurikirane rw’Ingoma zo mu Misri, mu          1500, imbere y’ivuka rya Yezu-Kristu. Ni muri ayo mashure, ubu azwi neza cane n’abahinga b’ivyerekeye akahise, hamwe n’abo ivyerekeye Misri ya Kera, abâgira amahirwe bakemererwa, bahurira kugira bige ibijanye n’Irema. Ivyo vyirwa ni vyo vyahavuye vyitwa « Ibanga »(Mistere). Imisi yaragiye, iyindi iraza, izo nyigisho zigira akanovera, gaca gakwira mu Bugiriki bwa Kera. Kâvuye ng’aho kimukira mu Buromani bwa Kera. Kava mu Buromani, kinjira mu Buraya bwo kuva mu kinjana ca gatanu, 5, gushika mu kinjana ca cumi na gatanu, 15, ari bwo Buraya bwo muri « Mwayenage »(Moyen-âge). Ako kanovera kâtahiye abanyamabanga b’Iroza n’Umusaraba bo mu kinjana ca cumi n’indwi, 17.

Amamuko yisunze ivyirwa vy’akahise (histware).

Turavye ivyandikwa n’abiga akahise, mu 1623, ni ho Indanga mu Mabanga y’Iroza n’Umusaraba zâva mu gacerere, zirimenyekanisha mu Bufaransa bakoresheje inzandiko zimanitse ku mabarabara y’i Pari. Bâvuga bati: « Twebwe, Intumwa z’Uburongozi Bukuru bw’Ibanga ry’Iroza n’Umusaraba, turi muri kino gisagara, tutihishije kandi tutiyerekana, kubw’Umukama we Herezo ry’imitima y’Aberanda … » Imbere y’aho, bari baranditse udutabo dutatu, 3, tugenewe incabwenge z’ibihangange mu kwiyumvira, b’ico gihe. Na two ni: « Fama fraternitatis » (Inkuru y’Abavandimwe); 1614; « Confessio fraternitatis » (Isemerero ry’Abandimwe), 1615; hamwe na « Les Noces Chymiques de Christian Rozenkreutz » (Ubugeni bw’Agakura bwa Kristiano w’Iroza n’Umusaraba). Kw’igenekerezo ry’indwi, ukwezi kwa nzero, 07/01/2017, Umuryango wa Kera w’Amabanga y’Iroza n’Umusaraba, warasohoye urwandiko rwitwa: « Les Nouvelles Noces de Christian Rozenkreutz »(Ubugeni bushasha bw’Igitangaza bwa Kristiano w’Iroza n’Umusaraba). Ariko imbere y’aho, muri Ntwarante 2001, wari wasohoye urundi rwandiko rwitwa « Positio fraternitatis Rosae-Crucis » (Iciyumviro c’Abavandimwe b’Iroza n’Umusaraba, aho bahagaze). Muri 2014, bârasohoye, urundi rwandiko « Appelatio fraternitatis Rosae-Crucis »(Akamo k’Abavandimwe b’Iroza n’Umusaraba).

Mu kinjana ca 18 giheze, hâriho imigenderanire y’abanyamabanga b’Iroza n’Umusaraba  n’aba fra-masoni, ariko ubu, iyo miryango iratandukanye. Kuva mu kinjana ca mirongo ibiri, 20, Umuryango  wa Kera w’Amabanga y’Iroza n’Umusaraba, Um-KerA-ma-RozaUm, urafashe mu mugongo Umuryango w’Akaranga, Iragi rya Ludoviko-Claudi  wa Mweranda Martino (Ordre Martiniste Traditionnel, OMT). (Ni Umuryango w’Akaranga k’Amabanga y’Abayahudi n’Abakristu).

Inagura ry’Umuryango.

Mu gihumbi kimwe amajana icenda n’icenda, 1909, Hervey Spencer Lewis, 1883-1939, umunya-Amerika yakunda ivyândikwa ku miryango yigisha mw’ibanga Imico n’Akaranga, yari âmaze imyaka atohoza ku vyerekeye Amabanga y’Iroza n’Umusaraba, ni ho yahâva afata ubwato aja i Tuluze mu Bufaransa, kugira abonane n’abakuru b’Umuryango w’Iroza n’Umusaraba, wari ugeze ahatemba. H. S. Lewis bamuha urwinjizo, baramwatira mu Mabanga y’Iroza n’Umusaraba, bamushinga kunagura Umuryango muri Amerika, kugira ngo azoshobore kuwuremesha mu Buraya igihe akarere kazoba gasa neza. (Muri ico gihe, hari amakenga menshi yerekana yuko ingwano y’Isi yose ya mbere igire itere). Ivyo basavye H. Spencer Lewis, yarabikoze n’ubwira bwinshi. Aca ahava aha Umuryango, izina rya : « Antiquus Mysticusque Ordo Rosae-Crucis », AMORC. Gisigura: Umuryango wa Kera w’Amabanga y’Iroza n’Umusaraba, Um-Kera-Ma-RozaUm, mu ncamake. Yawise iryo zina kugira yerekane ubudasa bw’amamuko yisunze ivyanditswe n’abize akahise, n’amamuko yisunze Iragi ry’Abasokuru b’Amabanga y’Iroza n’Umusaraba. Ingwano y’Isi yose ya kabiri iheze, Umuryango, Um-KerA-Ma-RozaUm, waciye urakwiragira mw’Isi yose.

Imero ry’Umuryango.

Muri kino gihe, Um-KerA-ma-RozaUm, ukwiye Isi Yose. Ugizwe n’amashami arengera imbibe z’ibihugu,  Ishami rimwe rikaba rihurikiyemwo ibihugu bivuga ururimi rumwe. Hari ho ishami ry’ibihugu bivuga Icongereza, iryo ibivuga Ikidagi, Igifaransa, Ikiespanyole, Igitaliyano, Ikigiriki, Ikirusiya, Igiskandinaviya, Ikiyapani, n’izindi. Icicaro c’ishami, mu mvugo ndangakaranga, citwa: « Ijiti Rikuru ». Gitwarwa n’Umukuru bita: « Umwarimu Mukuru » atorwa ku kiringo c’imyaka itanu. Barashobora kucongera. Kw’isi, Umuryango utwarwa n' »Inama Kaminuza » igizwe n’abo « Barimu Bakuru ». Bayobowe n’Umukuru kw’Isi yose batazira « Imperatore ». Na we nyene atorwa ku myaka itanu, barashobora kumwongera ibiringo. Ijambo « Imperator » ryakoreshwa mu kinjana ca 18, rigizwe n’amajambo abiri y’Ikilatini « Imperare – sibi » (Umugabo-we), bisigura : Uwitwara neza, Uwitoye, Intore, Indanga, Uwamize « Akabuye k’Abagabo ».

Inyigisho.

Kuva Umuryango ugitangura, mu Misri ya kera, gushika mu mwaka wa 1909, inyigisho z’Amabanga y’Iroza n’Umusaraba, zahanahanwa ku munwa kandi mw’ibanga. Ni na co gituma bawufata nk’ishirahamwe ryinyegeje. Kuva uwo mwaka, 1909, inyigisho z’Ibanga ry’Iroza n’Umusaraba zaciye zishirwa mu nyandiko. Ubu rero ziri mu dutabo turungikirwa, ku kwezi ku kwezi, abagize umuryango. Barashobora no kuzîgira kuri internete. Izo nyigisho ziri ku ngero cumi na zibiri. Urugero rumwe rwose rufise umuce w’ivyirwa rwiharije. Ni nk’ivyo umuntu yomenya vyerekeye Imana, Amamuko y’Ikirere ari ryo Juru; Ibigize ibintu biboneka; Umwanya w’amasaha, n’Umwanya w’ibilometero (uri hagati y’ibintu); Amateka y’Ubuzima; Iherezo ry’ibintu; Umutima w’Ubwenge hamwe n’ibiwuranga; Ingero z’Ubwenge Nyabwo; ivyo umuntu yotahura vyerekeye Ubwenge Nyabwo; Ibinyegezwa ari yo Mabanga y’Urupfu; Inyuma y’Urupfu; Amabanga y’Ivuka; Imvugo, inyandiko n’ibicapo ngereranyo dusanga mu Mabanga y’Iroza n’Umusaraba, n’ibindi. Muri izo nyigisho harimwo imwimenyerezo myishi ituma umuntu atohora, akaba umuhinga w’Amabanga y’Ubuzima, agatsinda ingorane zose z’Ubuzima, kugira abeho neza, uko avyipfuza, kw’Isi nko mw’Ijuru. Ni nk’ubuhinga: bwo gushobora kwiruhutsa mu kanya isase; bwo kuhagarika ivyiyumviro binyuragiranwa mu mutwe, hagasigara iciyumviro kimwe gusa, ciza, gihimbaye kandi cubaka; bwo gucapura neza, mu mutwe, amasanamu y’ukuntu canke y’ibintu umuntu yipfuza kuba canke kuronka imbere yuko bija mu ngiro; bwo gusangira n’Imana; bwo gukoresha ingabirano z’Umutima w’Ubwenge:  gutahura, kwakira, gukoresha no kugendera « Akabuye k’Abagabo ».

Amakoraniro y’Abavandimwe.

Iruhande y’izo nyigisho zanditswe, bigira i wabo, abigishwa b’Amabanga y’Iroza n’Umusaraba bavyipfuza, barashobora gukoranira mu ngoro zabo, bakigira hamwe. Intumbero z’ayo makoraniro ni kugira ngo umwe wese avuge n’urweze uko atahura Imico, Ubumenyi n’Ubuntu biri mu Mabanga y’Iroza n’Umusaraba. Ni muri ivyo bibanza hatangirwamwo urwinjizo, intangamarara, mu gice kimwe kimwe uko ari cumi na bibiri bigize Amabanga y’Iroza n’Umusaraba. Ariko iyo migirwa si ngombwa, n’aho bahanura kuyitaba kubera ateye agahimbare k’Umutima. Dukundire tuvuge  dutomora neza yuko, Um-KerA-ma-RosaUm, ugirisha amakoraniro y’uturere, y’igihugu, y’ibihugu n’ayo kw’Isi yose. Ariko uko ayo makoraniro aba angana kwose, intumbero yayo ni uguhuza Abavandimwe no kunonosora inyigisho z’Umuco w’Akaranga k’Ibanga Ry’Iroza n’Umusaraba.

Abavandimwe b’Iroza n’Umusaraba rurangiranwa mu makungu:

Mu bijana biheze, abavandimwe n’abâguma hafi y’Umuryango w’Ibanga Ry’Iroza n’Umusaraba babaye rurangiranwa mu makungu ni: Paraselse (1493-1541), Francisko Bacon (1561-1626), Mikaeli Maïer ( 1568-1622), Roberto Fludd (1574-1637), Yakobo Boheme (1575-1624), Comenius (1592-1670), Renato Descartes (1596-1650), Eliya Ashmole (1617è1692), Baruku Spinoza (1632-1677), Izahaki Newton (1642-1727), Wilelmo Leibniz (1646-1716), Benjamini Franklin (1706-1790), Umuganwa De Saint Germain (1696 ?-1784), Cagliostro (1743-1795), Mikaeli Faraday (1791-1867), Yozifino Péladan (1858-1918), Claudi debussy (1862-1918), Mariya Corelli (1864-1924), Papus (1865-1916)), Erike Satie(1866-1925), Fransisko jolivet-Castelot (1868-1937), Nikola Roerich (1874-1947), Edita Piaf (1915-1963), Ive Klein (1928-1962), n’abandi… Muri kino gihe, Um-KerA-Ma-RozaUm, ugizwe n’abakirondera ubumenyi, na bo ni bo benshi cane, hakabamwo n’incabwenge ziyumvira cane, hamwe n’abahinga karuhariwe, bashima gukorera mw’ibanga.

> Retour à la liste des langues

SUR LE MEME SUJET :

Default ThumbnailPrésentation de l’A.M.O.R.C. en Créole haïtien Default ThumbnailPrésentation de l’A.M.O.R.C. en Turc Default ThumbnailPrésentation de l’A.M.O.R.C. en Italien Default ThumbnailPrésentation de l’A.M.O.R.C. en russe

Brochure d’information

DEVENIR MEMBRE

Newsletter


Les champs suivis d'une * sont obligatoires

Les derniers articles

Blog Rose-Croix | À propos de l’amitié

À propos de l'amitié « À moins de souffrir d’une maladie mentale ou d’un … [Lire la suite...]

L'Ancien et Mystique Ordre de la Rose-Croix

L’Ancien et Mystique Ordre de la Rose-Croix

L’Ancien et Mystique Ordre de la Rose-Croix, connu dans le monde sous le sigle … [Lire la suite...]

Rose-Quoi ? : Qu’est-ce que l’Université Rose-Croix Internationale (URCI) ?

Dans ce nouvel épisode de la série « Rose-Quoi ? », découvrez l’Université … [Lire la suite...]

La Rose-Croix : une philosophie pratique pour s’initier aux mystères de l’existence

Aujourd’hui nos modes de vie changent, et avec eux, notre manière de vivre la … [Lire la suite...]

Revue Rose-Croix 2025

… [Lire la suite...]

Visiter les sites officiels de l’A.M.O.R.C.

  • capture-site-omt-slider-amorc2
    Ordre Martiniste Traditionnel
  • Capture-site-blog-slider-amorc
    Blog du Grand Maître
  • Capture-facebook-amorc2
    Page Facebook A.M.O.R.C.
  • Page Instagram Rose-Croix A.M.O.R.C
    Instagram
  • Chaîne Viméo A.M.O.R.C.
    Chaîne Viméo A.M.O.R.C.
  • Capture-calameo
    Site Calaméo A.M.O.R.C.
  • Capture-ami-2019-amorc
    Site des amis de l'A.M.O.R.C.

Frédéric Lenoir


Dans cet entretien Frédéric Lenoir évoque l’histoire et la philosophie des Rose-Croix. A travers un bref interview, Serge Toussaint y présente l’A.M.O.R.C., mouvement dont il est le Grand Maître actuel.

Devenir membre

Vidéos réservées aux membres

Le symbolisme des couleurs : le jaune (vidéo réservée aux membres)

… [Lire la suite...]

Le symbolisme des couleurs : le rouge (vidéo réservée aux membres)

… [Lire la suite...]

L’arbre et son symbolisme (vidéo réservée aux membres)

… [Lire la suite...]

L’Ancien et Mystique Ordre de la Rose-Croix

L’Ancien et Mystique Ordre de la Rose-Croix, connu dans le monde sous le sigle A.M.O.R.C., est un mouvement philosophique, initiatique et traditionnel. Non religieux et apolitique, il est ouvert aux hommes comme aux femmes, sans distinction de race, de nationalité, de classe sociale ou de religion. Reconnu d’utilité publique dans plusieurs pays en raison de sa contribution à la culture, à l’éducation et à la paix, il a pour devise : « La plus large tolérance dans la plus stricte indépendance. »

> En savoir plus sur l'A.M.O.R.C.

Nous contacter

Sur ce site

  • Présentation
  • Notre histoire
  • Notre enseignement
  • Notre philosophie
  • Agenda
  • Revues
  • Textes rosicruciens
  • Vidéos
  • Liens

Contact

  • Contact

Membres

  • - Payer sa cotisation
  • - Pages réservées aux membres
  • - Site des études rosicruciennes

Newsletter


Les champs suivis d'une * sont obligatoires

Infos

– Dossier de presse

– Mentions légales

– Politique de confidentialité

L’A.M.O.R.C. dans le Monde

> Les Grandes Loges de l'A.M.O.R.C. dans le monde
  • Facebook
  • Instagram
  • Vimeo
  • YouTube

Brochure d’information

Brochure de présentation sur l'Ordre de la Rose-Croix

brochure-rose-croix-amorc

> Télécharger ce document

Copyright © 2025 - Ordre de la Rose-Croix A.M.O.R.C. -

Gérer le consentement aux cookies
Pour offrir les meilleures expériences, nous utilisons des technologies telles que les cookies pour stocker et/ou accéder aux informations des appareils. Le fait de consentir à ces technologies nous permettra de traiter des données telles que le comportement de navigation ou les ID uniques sur ce site. Le fait de ne pas consentir ou de retirer son consentement peut avoir un effet négatif sur certaines caractéristiques et fonctions.
Fonctionnel Toujours activé
Le stockage ou l’accès technique est strictement nécessaire dans la finalité d’intérêt légitime de permettre l’utilisation d’un service spécifique explicitement demandé par l’abonné ou l’internaute, ou dans le seul but d’effectuer la transmission d’une communication sur un réseau de communications électroniques.
Préférences
Le stockage ou l’accès technique est nécessaire dans la finalité d’intérêt légitime de stocker des préférences qui ne sont pas demandées par l’abonné ou la personne utilisant le service.
Statistiques
Le stockage ou l’accès technique qui est utilisé exclusivement à des fins statistiques. Le stockage ou l’accès technique qui est utilisé exclusivement dans des finalités statistiques anonymes. En l’absence d’une assignation à comparaître, d’une conformité volontaire de la part de votre fournisseur d’accès à internet ou d’enregistrements supplémentaires provenant d’une tierce partie, les informations stockées ou extraites à cette seule fin ne peuvent généralement pas être utilisées pour vous identifier.
Marketing
Le stockage ou l’accès technique est nécessaire pour créer des profils d’internautes afin d’envoyer des publicités, ou pour suivre l’internaute sur un site web ou sur plusieurs sites web ayant des finalités marketing similaires.
Gérer les options Gérer les services Gérer {vendor_count} fournisseurs En savoir plus sur ces finalités
Voir les préférences
{title} {title} {title}